Umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo wemeza ko ari wo ugenzura ibice bitandukanye vy'ico gihugu birimwo igisagara ca Goma, n'ikibuga c'indege c'ico gisagara. Uno munsi, abiyerekana biyamiriza ingwano, baturiye ubuserukizi bw'ibihugu bitandukanye birimwo ubwa Amerika, Ubufaransa, Ubuholande, Ububirigi, u Rwanda n'ibiro vya ONU.
Amwe mu Mafoto y'Uko Vyifashe i Goma n'i Kinshasa muri Kongo

9
Abasivile bariko barahunga. Ino foto, yafatiwe mu micungararo y'ikambi y'imfatakibanza ya Rugerero i Gisenyi.

10
Abanyagihugu ba Kongo bahungiye mw'ikambi y'agategekanyo ya Rugerero iri mu micungararo y'I Gisenyi mu Rubavu.

11
Abandi banyagihugu bahungiye mu Rwanda.

12
Bamwe mu basirikare ba Kongo bishikanye mu Rwanda. Aha, bari mu kigo citwa Vision Jeunesse Nouvelle kiri i Gisenyi.