Perezida Joe Biden yagenye Samantha Power nk’umukuru w’ikigo c’Amerika kijejwe iterambere kw’isi, USAID. Umupfasoni Samantha Power yahoze ari Ambasaderi w’Amerika muri ONU ku ntwaro ya Barack Obama.
Akaramuka yemejwe n’Inama Nkenguzamateka, azoba agiye kungora ico kigo gihabwa amafaranga yo gukoresha agera ku miriyaridi 20 z’amadorali ku mwaka ku mwaka.
Biden yatanganje kandi ko ayo mabanga ya Samantha Power ubu ashizwe ku rwego rw’igisata kijejwe umutekano mu biro vya Presidence y’Amerika. Biden amugena, yashimangiye ko USAID izofasha mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca Corona kw’isi mu gushigikira ibihugu bisinzikaye gusumba ibindi.
Biden yavuze ko Samantha Power ari “Intashikirwa mu bikorwa vyiwe”.
Samantha Power yabaye ambasaderi w’Amerika muri ONU kuva mu 2013 gushika mu 2017. Mu 2003, yahawe agashimwe kitwa “Pulitzer” yaronse kubera igitabo yise “A Problem from Hell: America and the Age of Genocide," kigaruka ku ruhara rw’Amerika mu gukumira jenoside mu bihugu bitandukanye
Facebook Forum