Uko wahagera

Burundi: Abatanguje Ishirahamwe Rihuza Abashaka Kurongorana Bahagaritswe


Ishusho ngereranyo y'umusore n'inkumi bakundana
Ishusho ngereranyo y'umusore n'inkumi bakundana

Kuri uyu wa gatatu, igipolisi ca Bujumbura cahagaritse Ishirahamwe ''Favorite Partner Company'' rijejwe guhuza imisore n’inkumi bashaka kubakana. Abagabo 2 batwara iryo shirahamwe bafashwe bajanwa gufungwa.

Ishirahamwe “Favorite Partner Company'' ryahagaritswe n’igipolisi c’Uburundi ryari ryavutse mu kwezi guheze. Ryari ryihaye intumbero yo guhuza abasore n’abigeme bakeneye kubakana.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Pierre Nkurikiye, yatangaje ko ivyo biciye kubiri n’imico n’akaranga k’Uburundi, kandi ko bigamije no gusambura ingo no gushishikariza abantu gukora umwuga wo kudandaza igitsina.

Iryo shirahamwe ryoryo rimenyesha ko ryari ryahawe uburenganzira bwo gukora n’inzego zibijejwe kandi ko ryatanga n’amakori n’amatagisi. Yamara, igipolisi kivuga ko ivyo ryasabiye uruhusha atari vyo ryagiye gukora, rikongerako ko ivyo ryakoze bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.

Ni irya mbere mu Burundi haba ishirahamwe rivyemanga rikaja ahabona, rigakora igikorwa co guhuza inkumi n’imisore.

Umviriza mu majwi aho hasi inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Abahuza Abashaka Gukunda Ubavugako iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG