Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Asaba Abarundi Bari mu Mahanga Guterera mw'Iterambere


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na bamwe mu Barundi baba muri Amerika
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na bamwe mu Barundi baba muri Amerika

Prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, amenyesha ko ariko arategura inama rukokoma yise "Forum National Pour le Developpement du Burundi", yipfuza guhurizamwo incabwenge z'Uburundi cane cane iziri mu mahanga, kugira ivyiyumviro vyabo bishirwe hamwe mw'iterambere ry'Uburundi.

Mu mubonano Prezida Ndayishimiye yagiranye n'Abarundi baba muri Amerika ejo ku wa gatandatu muri Reta ya New York, yasiguye ko bibabaje kubona hari Abarundi baciye ubwenge bariko bateza imbere ibihugu bakoreramwo vyo hanze ha kwiyumvirira Uburundi.

Bamwe mu Barundi bitabiriye uwo mubonano, basanga hari bimwe mu bikwiye guhinduka kugira batahukane imitahe bongere baterere mw'iterambere ry'igihugu cabo.

Inkuru y'Umumeyeshamakuru, Diane Nininahazwe, Ijwi ry'Amerika ryari ryarungitse i New York.

Bimwe mu vy'Abarundi Baba mu Mahanga Basaba Prezida Ndayishimiye
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:06 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG