Amatora muri Amerika 2020
Abategetsi Bakuru b'Abademokrate Basaba ko Perezida Trump Akurwa ku Butegetsi

Umukuru w’abademokrate muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye kuri uyu wa kane ko Perezida Donald Trump akurwa ku butegetsi vuba bwango, imbere yuko arangiza imisi 13 isigaye imbere yuko Joe Biden yimikwa. Amwagiriza gutegeka amasinzi y’abayoboke biwe kuja gutera Kongre n’abaserukira abanyagihugu.
Senateri Chuck Schumer yatowe muri reta ya New York yavuze ko ivyabaye ku musi wa gatatu ari imigumuko yari igamije gutera Amerika kandi yahawe impigi na perezida. Avuga ko perezida adakwiye kwongera kumara umusi umwe ku butegetsi.
Schumer, agiye kurongora sena mu gihe ca vuba, yavuze ko uburyo bwihuta bwo gukura Trump muri White House bwoba ko icegera ca perezida Mike Pence hamwe n’abashikiranganji benshi biwe bifashisha ingingo ya 25 y’Ibwirizwa shingiro bagatangaza ko atagishoboye kubandanya atwara.
Abandi bashingamateka bake, barimwo umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi, na bo nyene basavye ko Trump akurwa ku butegetsi hisunzwe ibwirizwa shingiro canke agakorerwa impeachment, naho Joe Biden agiye kuja ku butegetsi kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere.
Nta vyemeza bizwi nimba icegera ca perezida, Mike Pence, inyuma yo kudakurikiza amabwire ya Trump yo kuzibira iyemeza ry’intsinzi ya Biden yari muri utu twigoro two gukura Trump ku butegetsi.
Ariko ibinyamakuru bitari bike muri Amerika vyatangaje ko abafasha b’igihagararo ba Trump muri White House baganiriye mw’ijoro ryo kuwa gatatu inzira zo kumukura ku butegetsi. Hari igihe abashingamateka bari mu bikorwa vyo guharira nimba bokwemeza intsinzi ya Joe Biden.
Inyuma y’ivyabaye kuri Kongre hamwe n’uruhara Perezida Trump yabigizemwo, abatari bake muri reta yiwe bahisemwo gutanga imihoho. Umushikiranganji wo kwunguruza abantu n’ibintu, Elaine Chao yabaye uwa mbere mu bagize reta yatanze imihoho kuri uyu wa kane.
Uwahoze ari umunyamabanga mukuru mu biro vya perezida ivy’imfatakibanza, Mick Mulvaney, yari yagenwe kuba intumwa ya Trump muri Irelande y’uburaruko, nawe yatanze imihoho. Uwundi ni Stephanie Grisham, umunyamabanga mukuru mu biro vy’umutambukanyi wa Trump, Melania Trump nawe yatanze imihoho kuwa gatatu.
USA: Ubutungane Bwiyemeje Guhana Abateye Kongre y'Amerika

Abategetsi mu butungane bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko barakora ibishoboka kugira bamenye kandi bahagarike abayoboke ba Perezida Donald Trump baharurwa mu majana bagize uruhara mu midugararo ya mbere yabaye ku nyubakwa ya Kongre mu myaka irenga ibinyejana bibiri.
Igiporisi carahagaritse abarenga cumi ku muhingamo wo ku musi wa gatatu igihe iyo migumuko yatangura, abandi batari bake babandanije bahagarikwa. Abategetsi bavuga ko uruhigi rw’abasigaye rukibandanya. Bavuga ko igikorwa co kumenya no gufata abasigaye kizofata indwi zitari nke.
Umushikiranganji w’ubutungane ivy’imfatakibanza, Jeffrey Rosen yavuze ko ubushikiranganji arongoye bwiyemeje ko abo bose bagize uruhara muri ico gitero kuri reta no guca kubiri n’amategeko bazobona ingaruka ku bikorwa bakoze.
Yavuze ko inyamiramabi hamwe n’ibindi bisata bijejwe umutekano bafadikanije n’igiporisi bamaze ijoro ryose begeranya ivyemeza, bamenya ababigizemwo uruhara kandi babafata.
Ibihano bitari bike vyitezwe gutangazwa ku musi wa kane, ibindi mu misi hamwe n’indwi ziri imbere, nkuko uwo mutegetsi yabivuze.
Perezida Trump yaraneguwe n’abatari bake kuba ari we yahamagariye abanywanyi biwe kuja ku nyubako ya Kongre kuburizamwo umuhango wo kwemeza intsinzi ya Joe Biden.
Abaporisi barenga 50 ba Kongre hamwe n’abo umugwa mukuru Washington barakomeretse, abandi batwarwa mu bitaro.
Laetitia Mizero Hellerud: Imyiyerekano y'Abashigikiye Trump Isuzuguje Amerika
USA: Kongre Yemeje ko Joe Biden Yatsinze Amatora

Kongres ya Reta zunze ubumwe z’Amerika imitwe ibiri ikoranye yemeje kuri uyu wa kane ko Joe Biden na Kamala Harris batsinze amatora, umwe kuba perezida uwundi icegera ca Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Inyuma y’ibikorwa vyamaze amasaha arenga 12 arimwo n’ayo batakaje inyuma y’aho abanywanyi ba perezida Donald Trump Bavogereye inyubako ya Kongres, ibikorwa vyo guharura amajwi no kwemeza izo ndongozi zigiye kuzorongora Amerika vyarangiye isaha 9 n’igice z’ijoro mu masaha ya Washington.
Abasenateri hamwe n’abashingamateka barashoboye kuburizamwo utwigoro tw’abarepublikani bamwe bamwe badindije ivyo bikorwa mu guhakana amajwi yemejwe muri reta za Arizona na Pennyslania, impari ku vyavuye muri ayo mareta zikaba zaratwaye amasaha atari make.
Iri tora ryo kwemeza abo bategetsi ryarangiye Joe Biden atahukanye amajwi 306 ku 232 ya perezida Donald Trump nkuko Koleji y’abatora yari yaravyemeje. Itora rya Kongre kandi riciye rica inzira igana ku rundi rubanza rwo kwimika Joe Biden kw’italiki 20 z’uku kwezi kwa mbere, ahazoba ihanahana ry’ubutegetsi hagati ya perezida yatsinzwe Donald n’uwuzomukorera mu ngata Biden.
Ibi bikorwa bigitangura vyarahungabanijwe n’abanywanyi ba perezida Donald Trump bateye ingoro ya Congress i Washington, binjira aho abashingamateka n’abasenateri bari bakoraniye, baramenagura imiryango n’ibiyo, basanzaza intebe. Abantu bane barahasize ubuzima. Umwe yishwe arashwe abandi batatu bapfira mu bitaro kubwo amagara make bari bafise. Ibi bikorwa vyo kwemeza Joe Biden vyari birongowe n’icegera ca perezida, Mike Pence.
Inyuma y’iyemezwa rya Biden, Perezida Donald Trump yaciye ashikiriza ko hazoba ihanahana ry’ubutegetsi mu rutonde rwiza.
Abategetsi b'Amakungu Baranegura Imidugararo kuri Kongre y'Amerika

Abategetsi mu makungu bagize ico bashikiriza bongera baranegura ivyabaye kuri Kongre ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho abanywanyi ba Perezida Donald Trump bakoze imyiyerekano yahindutsemwo imidugararo kuri iyo nyubako ku musi wa gatatu.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, yashikirije ku rubuga Twitter ko ivyabaye biteye isoni. Yavuze ko Reta zunze ubumwe z’Amerika ihagarariye demokarasi kw’isi yongera asaba ko haba ihanahana ry’ubutegetsi mu rutonde kandi mu mahoro.
Abategetsi b’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bavuze ku musi wa gatatu ko bashigikiye perezida yatowe Joe Biden, igihe abanywanyi ba Perezida Trump bavogera Kongre, bahagarika ibikorwa vy’iyemeza ry’intsinzi ya Biden yo kuba perezida.
Mu butumwa perezida w’uwo muryango, Ursula von der Leyen yashikirije kuri Twitter, yavuze ko yemera ko inzego za Reta zunze ubumwe z’Amerika na demokarasi bikomeye. Yavuze ko guhana ubutegetsi mu mahoro biri ku mutima y’abanyamerika.
Umukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ryo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, Jens Stoltenberg yavuze ko ivyavuye mu matora ya demokarasi bikwiye kwubahirizwa.
Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n’amakungu mw’ijambo yashikirije kuwa gatatu yasavye abenegihugu biwe bari muri Amerika kwirinda kuja mu makoraniro no kugumuka. Yasavye impande zose muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gushira umutima hamwe.
Umushikiranganji w’Ubufaransa w’imigenderanire n’amakungu, Jean-Yves Le Drian yise imigumuko yabaye ku musi wa gatatu ko ari igitero kuri demokarasi.
Kongre y'Amerika Yasubiye mu Bikorwa vyo kwemeza Intsinzi ya Joe Biden

Abashingamateka n’abasenateri basubiye mu nyubakwa ya Congress kwongera gutangura ibikorwa vyo kwemeza ibiharuro vyemejwe na Koleji y’itora ko perezida yatowe Joe Biden na Kamala Harris batsinze amatora. Ni inyuma y’amasaha abayoboke ba Perezida Donald Trump bavogereye iyo nyubakwa guhagarika ivyo bikorwa.
Icegera ca perezida, Mike Pence yabwiye abo bagumutse ko batatsinze kandi igikenye no kwonona bitazigera bitsinda. Yabivuze igihe sena yasubira mu bikorwa vyo gutora.
Igiporisi gicungera Congress hamwe n’abajejwe kwubahiriza amategeko barashoboye kugarukana umutekano bituma abasenateri n’abashingamateka basubira mu bikorwa vyabo.
Iyi migumuko yabaye haheze hafi amasaha abiri icegera ca perezida Pence abwiye abashingamateka ko ataba intambamyi mu kuburizamwo iyemeza ry’intsinzi ya Biden yo mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe.
Umukuru w’abasenateri b’abarepublikani muri sena Mitch McConnell yitandukanije na bagenzi biwe hamwe n’abandi barenga 100 b’abashingamateka bariko barondera guhakana ivyemejwe na Koleji y’itora. Yavuze ko Biden yatsinze ku majwi arenga imiliyoni indwi y’abanyagihugu bose.
Eka n’umukuru w’abademokrate muri Sena Chuck Schumer yavuze ko Congress atari yo itora, ariko ari abanyagihugu batoye.
Abademokrate Bigaruriye Sena y'Amerika

Umugambwe w’Abademokrate niwo ugiye kuzogenzura Sena ya Reta zunze ubumwe, inyuma y’aho abademokrate babiri, Jon Ossoff na Rev. Raphael Warnock batsindiye intebe zibiri imigambwe ibiri ikomeye muri Amerika yariko irarwanira muri reta ya Georgia.
Rev. Raphael Warnock yatangajwe ko yatsinze mw’ijoro ryo kuwa gatatu. Abaye umwirabure wa mbere w’umudemokrate atsindiye iyo ntebe muri Georgia.
Warnock, ni umupasitori mu gisagara ca Atlanta, mw’ishengero ryigeze kurongorwa na Martin Luther King Jr, yaharaniye agateka k’abirabure.
Intsinzi y’abo bagabo babiri ihaye abademokrate kwigarurira Sena yari mu minwe y’abarepublikani kandi ni akaryo keza kuri Joe Biden n’abashingamateka bakomoka mu mugambwe wiwe kuzorenganya amategeko yabo bitabagoye cane.
Perezida yatowe Biden yaciye yihuta gukeza abo bagiye kuzoba abasenateri bashasha, Warnock na Ossoff kuri iyo ntsinzi batahukanye.
Mu gihe abarepublikani ari bo bari biganje muri sena, ku ntebe 50 kuri 48, iyi ntsinzi iciye ibagabura ku ntebe 50 kuri 50. Icegera ca perezida catowe, Kamala Harris w’umudemokrate niwe azoza aradadanura akazoshobora kwama ari ku ruhande rw’umugambwe wiwe mu gihe azohitamwo kubikora.
Abayoboke ba Perezida Trump Baburijemwo Congress Kwemeza Intsinzi ya Joe Biden

Igiporisi gicungera ingoro y’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika categetse ko ibikorwa bihagarara mu nama nshingamateka, kivuga ko umutekano ugeramiwe n’abaje baturuka inyuma yayo. Bibaye mu gihe ibihumbi vy’abayoboke ba Perezida Trump bashwabadukiye rimwe kuri iyi nyubako biyamiriza iyemeza ry’intsinzi ya Joe Biden nk’umukuru w’igihugu.
Sena y'Amerika yaciye iba irahagaritse ibikorwa, aho yariko iremeza amajwi yemejwe na Koleyi y’itora ko Joe Biden yatsinze amatora, kandi icegera ca perezida Mike Pence yariko ararongora uwo mugirwa yaciye akurwa muri iyo ngoro acishijwe mu nzira ica mu kuzimu.
Amasanamu ya videwo ariko araca ku mbuga za social media no mu binyamakuru vy’Amerika yerekana abayoboke ba Trump basambura bariteli z’abaporisi bavogera iyo nyubakwa. Amakuru yaciye mu mateleviziyo yavuze ko ivyuka bikoroza amosozi vyatewe igihe bamwe muri abo bayoboke bariko bagerageza kwinjira aho abashingamateka bakoranira.
Igihe ayo masinzi yakoranira kuri iyo nyubako no gutana mu mitwe n’igiporisi, Perezida Donald Trump yanditse kuri Twitter abasaba gushigikira igiporisi n’abajejwe umutekano hamwe no kuguma batekanye.
Umukuru w’igisagara ca Washington, Muriel Bowser, yaciye ashinga itegeko ry'umukwabu ku murwa mukuru Washington kuva isaha 12 z’umugoroba.
Trump Yabwiye Abamuyoboka ko Atazigera Yemera ko Yatsinzwe

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yashikirije ijambo ibihumbi vy’abayoboke biwe i Washington DC kuri uyu wa gatatu. Yavuze ko atazigera yemera ko yatsinzwe, mu gihe abashingamateka n’abasenateri bakoraniye mu nama rusangi ku ngoro y’abashingamateka mu muhango wo kwemeza itorwa rya Joe Biden nka perezida agiye gukurikira kurongora Amerika.
Aho yari ku gikwa kuri perezidanse, White House, Perezida Trump yasubiye kuvuga ko amatora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe yibwe kandi ko we yatsinze urukombamazi. Yavuze ko ibinyamakuru yise ko “bitangaza ibinyoma” vyakoresheje “umugera w’Ubushinwa”, COVID-19 nk’igikingirizo co kwiba amatora.
Trump kandi yasavye icegera ca Perezida Mike Pence gukora ibibereye aho ariko ararongora ibikorwa vyo kwemeza amajwi yemejwe na Koleji y’abatora mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo Biden yimikwe. Trump yongeye gushimanga avuga ko ico icegera ciwe akwiye gukora ari ugusubiza mu mareta ivyavuye mu matora akaba ari yo yongera kuvyemeza kugira abandanye ari perezida, abanyagihugu bagumane umunezero.
Abayoboke ba Perezida Trump batanguye gukoranira i Washington DC ku mugoroba wo kuwa kabiri. Abategetsi bavuze ko bahagaritsemwo batandatu babagiriza kuba bari bitwaje inkoho n’amasasu, kandi bahohoteye umuporisi.
Kwemeza ivyavuye mu matora na sena n'inama nshingamateka zikoranye ni umugirwa wa nyuma ukorwa inyuma yuko Koleji y’abatora itoreye Biden kw’italiki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.
USA: Inteko Ishinga Amategeko Irabarura Amajwi Yavuye muri Koleji y'Abatora

Mu kanya gato, guhera saa saba y'amanywa ku isaha ya Washington D.C. (saa mbiri y'ijoro mu Burundi no mu Rwanda), inteko ishinga amategeko ya Leta zunze ubumwe z'Amerika-Congress irabarurira amajwi yavuye muri Koleji y'Abatora, yemeze ko Joe Biden yatsinze amatora yo mu kwa 11 gushize.
Congress yose irateranira mu cyumba kinini cy'inama y'Umutwe w'Abadepite. Ibarura niritangira, perezida wa Sena, ari nawe visi-perezida wa Repubulika Mike Pence, azajya afungura amabahasha arimo impapuro z'ibyavuye mu matora yo muri Koleji y'Abatora ku itariki ya 14 y'ukwezi gushize, leta ku yindi, akurikije uko zikurikirana, ahereye ku nyuguti ya mbere y'amazina yazo.
Namara gufungura ibahasha, azajya asoma n'ijwi riranguruye ibyo akuyemo, maze abihereze abantu bane bahagarariye amashyaka yombi bamufasha ibarura, barebe ko ari byo koko byanditse. Ibarura nirirangira, Mike Pence aratangaza ku mugaragaro ko Joe Biden yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu n'umutegarugoli Kamala Harris uzamubera visi-perezida.
Ubusanzwe uyu ni umuhango woroshye. Ariko uw'uyu munsi wo ufite umwihariko kubera ko Perezida Trump atemera ko yatsinzwe amatora. Ashyigikiwe n'abasenateri 12 n'abadepite barenga ijana bose bo mu ishyaka rye ry'Abarepubulikani. Batangaje ko baza kwanga ibyavuye mu matora. Nabo bavuga ko yabayemo kwiba amajwi muri leta esheshatu Trump yatsinzwemo, ari zo Arizona, Georgia, Michigan, Nevada, Pennsylvania na Wisconsin. Basaba ko Congress ishyiraho akanama ko kuhakora anketi.
Ariko amahirwe yabo ni make kubera ko Abademokarate biganje mu Mutwe w'Abadepite. Abasenateri b'Abarepubulikani benshi nabo bavuga ko batabashyigikiye. Mu majwi ya rubanda, Joe Biden arusha Donald Trump miliyoni zirindwi. Naho mu majwi ya Koleji y'Abatora, Biden afite 306 kuri 232 ya Trump, kure cyane rero ya 270 Biden yari akeneye kugirango atsinde amatora. Biden na Kamala Harris bazarahira ku italiki ya 20 y'uku kwezi.
George W. Bush w'Umurepubulikani Azajya mu Birori byo Kwimika Joe Biden

Abahoze ari abakuru b'igihugu cya Leta zunze ubumwe z'Amerika babiri bamaze kumenyekanisha aho bahagaze ku birebana n'imihango yo kwimika perezida mushya Joe Biden na visi-perezida we Kamala Harris ku italiki ya 20 y'uku kwezi. Perezida Jimmy Carter ntazayijyamo. Naho Perezida George W. Bush azaba ayirimo.
Jimmy Carter, wo mu ishyaka ry'Abademokarate, yabaye perezida wa 39 wa Leta zunze ubumwe z'Amerika manda imwe, kuva mu 1977 kugera mu 1981. Ni umukambwe w'imyaka 96 y'amavuko.
Umuvugizi we yatangaje ko Carter n'umutegarugoli we, Rosalynn Carter w'imyaka 93, batazajya mu birori byo kwimika Joe Biden, ariko ko bamwoherereje, we n'uzamubera visi-perezida Kamala Harris, ubutumwa bwo kubashima no kubifuriza ishya n'ihirwe.
Ni ubwa mbere, kuva mu 1977, Jimmy Carter atazitabira imihango yo kurahiza perezida mushya wa Leta zunze ubumwe z'Amerika. Kubera gukura, afite utubazo tw'ubuzima, turimo kurwara rimwe na rimwe, cyangwa kwikubita hasi akavunika inshuro nyinshi.
Perezida George W. Bush, Umurepubulikani wategetse Leta zunze ubumwe z'Amerika imyaka umunani, kuva mu 2001 kugera mu 2009, we yatangaje ejo kuwa kabiri ko we na madame we, Laura Bush, bazajya mu birori byo kwimika Joe Biden na Kamala Harris. Umuvugizi wabo aragira, ati: "Kwirebera, uhibereye, ihererekanyabutegetsi mu mahoro ni ikimenyetso gikomeye cya demokarasi yacu kitajya gisaza."
Kugeza ubu, Perezida Donald Trump, wanze kwemera ko yatsinzwe, ntaratangaza ku mugaragaro niba azajya mu birori byo kwimika Biden.
USA: Guharura Amajwi mw'Itora ry'Abasenateri muri Georgia Vyatanguye

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika Ibibanza vyo gutoreramwo vyarugaye n’amajwi yaratanguye guharurwa ejo kuwa kabiri mw’ijoro mw’itora ry’abasenateri bane bo muri reta ya Georgia iri mu bumanuko bwa Amerika bariko baharanira intebe zibiri muri sena.
Iri tora ni ryo rizokwerekana umugambwe uzogenzura sena y’Amerika mu myaka ibiri ya mbere ya reta ya perezida yatowe Joe Biden.
Umurepublikani, senateri David Perdue ariko aharana n’umudemokrate Jon Ossof mu gihe uwundi musenateri w’umurepublikani Kelly Loeffler, ariko arwanira intebe n’umudemokrate Rev. Raphael Warnock, wo mw’ishengero ry’aba Baptiste. Ibiharuro vy’ibanze bimaze kwerekana ko abademokrate baza imbere ku majwi make.
Muri iki gihe, abarepublikani nibo bagenzura intebe 100 zo muri sena ku ntebe 50 kuri 48 z’abademokrate. Bakeneye gutsindira intebe imwe muri iri tora kugira babandanye biganje muri sena.
Mu gihe abademokrate botsindira izo ntebe zibiri za sena, Biden yoba aronse uburenganzira bwo guhitisha amategeko yiwe arimwo guhinyanyura assurance yo kuvuza abantu no kworohereza abimukira kuronka ubwenegihugu.
USA: Nancy Pelosi Yongeye Gutorerwa Kurongora Inama Nshingamateka

Umushingamateka Nancy Pelosi yongeye gutorerwa kurongora inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu w’Imana ku ncuro ya kane. Inama nshingamateka yiganziwe n’abademokrate ariko atari ku rugero runini.
Uwo mudemokrate yatowe muri reta ya California, yarongoye umugambwe wiwe mu nama nshingamateka kuva mu 2003 kandi ni we mukenyezi wenyene amaze kurongora iyo nama nshingamateka. Yatowe ku majwi 216 ku muhingamo wo ku musi w’Imana.
Inyuma yo gutakaza intebe zitari nke mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe, abademokrate ni bo bagenzura inama nshingamateka nshasha ku ntebe 222 ku 211 z’abarepublikani.
Pelosi yaciye yakira abashingamateka mu nama kuri uyu w’Imana, ashimika avuga ko bafise uruhara runini mu gihugu mu rugamba kirimwo rwo guhangana n’ikiza ca corona hamwe n’ikibazo c’ubutunzi bwasubiye inyuma.
Uwo mukenyezi w’imyaka 80 yavuze ko inyuma y’iyindi myaka ibiri kuri ubwo burongozi atazosubira kurondera iyindi manda yo kurongora inama nshingamateka.
USA: Bamwe mu Barepublikani mu Runani rwo Kutemeza Intsinzi ya Biden

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Abashingamateka barenga 100 bo mu mugambwe w’abarepubulikani hamwe na bagenzi babo baharurwa mu macumi muri Sena bavuga ko bazogira urunani ku musi wa gatatu kugira baburizemwo kwemeza intsinzi ya Joe Biden.
Umudemokrate Joe Biden yemejwe mw’itora ry’intumwa z’abahagarariye abatoye, College Electoral, ku majwi 306 kuri 232 ya Perezida Donald Trump, inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka w’2020.
Ubu buryo bwa politike bwahiswemwo bwo kwemeza intinzi ya perezidansi y’Amerika bumaze hafi imyaka 50 bukoreshwa muri Amerika, Ni intambuko ya nyuma itegekanijwe n’ibwirizwa shingiro imbere y'uko Biden yimikwa nka perezida wa 46 w’Amerika kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa mbere.
Vyitezwe ko abademokrate bagenzura inama nshingamateka bemeza intinzi ya Biden, ndetse na bagenzi babo basanzwe ari inkehwa muri Sena vyitezwe ko bazoshigikirwa n’abarepublikani mu kwemeza intsinzi ya Biden.
Perezida Trump, arabandanya kwemeza ko yibwe amajwi mu matora, kandi abandanya guhamagarira abanywanyi biwe kwiyamiriza itsindwa ryiwe.
Mu gihe vyorangira atsinzwe, yoba abaye perezida w’Amerika adashoboye gutwara manda ya kabiri mu myaka 245 ya kahise k’Amerika.
Perezida Trump yaratsinzwe imanza yashingishije mu masentare atandukanye mu gihugu avuga ko yibwe amajwi, harimwo n’imanza zibiri yashingishije muri sentare ntahinyuzwa y’Amerika ku rwego rw’igihugu.
Icegera ca Perezida, Mike Pence ni we azorongora itora ryo ku musi wa gatatu aho inama nshingamateka na Sena bazokoranira hamwe kugira bemeze canke bahakane ivyemejwe n’abategetsi mu mareta 50 hiyongereyeko n’umurwa mukuru Washington DC.
Umukuru wa Sena Yemeye ko Joe Biden Yatsinze Amatora

Inyuma y’indwi zitandatu habaye amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, umurepublikani arongoye Sena, Mitch McConnell yemeye kuri uyu wa kabiri ko umudemokrate Joe Biden ari we perezida yatowe.
McConnell yakeje Biden mu gihe Perezida Donald Trump akibandanya gushikiriza ivyo adafitiye ivyemeza ko amatora yabayemwo ubusuma kugira ashirwe ku ruhande, ntiyongere gutorwa.
McConnell, yari yarabangiriye gutangaza ko Biden yatsinze. Yashikirije ijambo muri sena ko kubona Biden yatahukanye amajwi 306 kuri 232 ya Trump igihe intumwa ziserukira abatoye zavyemeza kuri uyu wa mbere, bigaragaye ko atsindiye manda y’imyaka ine muri White House.
McConnel yagize ati: “Muri aka gatondo, igihugu cacu caronse perezida yatowe hamwe n’icegera ca perezida catowe,” Amamiliyoni y’abo muri twebwe twari twifuje ko amatora ya perezida atanga ibindi biharuro. Ariko ukuntu igihugu cacu cubatse mu gutwara vyaragaragaje uwuzorahira mu kwezi kwa mbere italiki 20. Intumwa z’abaserukira abatoye zaravuze.”
Trump ntiyashotse agira ico avuze kuvyavuzwe na McConnell yemeye ko Biden agiye kuba perezida agira 46 wa Amerika.
Ariko, yavuze akoresheje urubuga rwa Twitter, ko hari ivyemeza vyinshi vyerekanye ko habaye ubusuma mu gutora.
Inyuma y’aho McConnell avugiye ivyo, Biden nawe yaciye amutelefona avuga ko bagiranye ikiganiro ciza kandi yamushimiye.
Biden na McConnell bafise ibitari bike badahurizako, ariko yavuze ko yizigiye ko bazoshobora kuzokorana.
Facebook Forum